Uko wahagera

USA: Paul Ryan Yatowe Kuba Umuyobozi wa Kongere


Inama nshingamatreka ya Amerika, yatoye umushingamateka wo mu ntara ya Wisconsin, Paul Ryan, kuba umuyobozi mushasha w’urwo rwego. Asubiriye John Boehner, azofata akaruhuko ko mu za bukuru mu mpera z’uku kwezi.

Umuyobozi w’inama shingamateka ni umwe mu bantu bakomeye cane muri politike ya Amerika. Ni we aza mu kibanza ca kabiri mu bashobora gusubirira Perezida inyuma y’icegara ca Perezida. N iwe kandi ayoboye abagize inama nshingamateka bose.

Amabanga yiwe n’uguserukira inama nshingamateka mu migendenire n’inama nkenguzamateka, Perezida n’abanyagihugu. Ni we afasha umugambwe wiwe kurenganisha amategeko, n’ugutororokanya amafranga afasha abakandida barondera kwitoza mu mugambwe wiwe.

Frederick A.C Muhlebergr wo muri Reta ya Pennsylvania yabaye umuyobozi wa mbere mukuru w’inama nshingamateka kw’italiki imwe y’ukwezi kwa kane mu mwaka w’’1789.

XS
SM
MD
LG