Uko wahagera

Burundi: Umurwi w'Ibiganiro Ugiye Gutangira Akazi Kawo


Burundi Political Tensions
Burundi Political Tensions

Abagize umugwi w’igihugu mushasha ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y’abarundi commission nationale de dialogue interburundais mu gifaransa bariko bararahira imbere ya Perezida w’U Burundi Petero NKURUNZIZA.

Bose ukwari 15 biyemeje gukora ataho begamiye, bigenga, banywanisha abarundi kandi bakaba inyankamugayo mu gikorwa cabo. Umukuru w’igihugu yabategetse gukora bubahiriza agateka ka zina muntu kandi bubaha amategeko batibagiye gukundisha igihugu abakivukamwo.

Yabibukije ko muvyo bajejwe harimwo politique. Acababwira ko bategerezwa kwama na ntaryo bisunga ibwirizwa nshingiro badashize ku ruhande amasezerano ya Arusha n’ayandi abarundi basinye harimwo ayuguhagarika intambara.

Uwu mugwi watanguye gukora uzotunganya ibiganiro mu gihugu hagati ariko no hanze yaco bibaye ngombwa uzobikora nk’uko vyemejwe na Perezida Pierre NKURUNZIZA. Ibiganiro uzotunganya naho arivy’abarundi bose, harabotoshira agati mu ryinyo.

Perezida Nkurunziza yagize ati, « Naho ibi biganiro arivy’abarundi bose, hari abarundi bahunze ata wubirukanye kubera ivyha bakoze n’ugushaka gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu. Hari n’abandi mbere bavugwa mu vyegeranyo vya ONU ko batera umutekano muke muraka karere, ubutungane butegerezwa kubandanya bukora ntitwokwemera kw’ukudahana gushinga imizi mu gihugu cacu. »

Mw’ijambo ryiwe Perezida NKURUNZIZA yibukije ko hari abarundi bahunze igihugu bafise intumbero y’ukugisambura arikwashimira abandi barundi bari mu mahanga baguma bafasha ng’u Burundi butere imbere. Imbere y’abserukira ibihugu vyabo n’amashami ya ONU , Perezida NKURUNZIZA yemeje ko igihugu aramutswa kitazigera cemera imfashanyo zicanishamwo abone rimwe.

Yabisobanuye muri aya magambo, « Turashimiye abama badufata mu mugongo mu migambi y’iterambere, ariko imfashanyo ziryanisha abarundi ntazo dukeneye, dukeneye imfashanyo zubaka igihugu. »

Umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y’abarundi ugizwe n’abantu cumi n’abatanu. Abakenyezi ni batanu, abagabo cumi, muribo hakaba harimwo abahutu icenda, abatutsi batanu n’umutwakazi umwe. Uwo mugwi ufise ikiringo c’amezi atandatu ariko ushobora kwongerwa ikindi kiringo hamwe vyokenerwa.

XS
SM
MD
LG