Uko wahagera

Imyigaragambyo y'Abanyeshuri muri Afurika y'Epfo


Igipolisi mu gihugu ca Afurika y’Epfo, casubije inyuma abanyeshule bari mu myiyerekano hanze y’inyubakwa z’icicaro ca Reta uno musi ku wa gatanu.

Abanyeshule ibihumbi n’ibihumbi bakoraniye imbere y’inyubakwa z’icicaro ca Reta ya Afurika y’Epfo ku murwa mukuru, Pretoria kugira bagire imyiyerekano y’ukwiyamiriza umugambi wa Reta w’ukuduza amafranga y’amashule abanyeshule bategerezwa gutanga.

Ibiro vya Perezida wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, vyamenyesheje ko yabonanye n’abayoboye abanyeshule bari mu myiyerekano, n’abayobozi b’amashule mu kigoro k’ugutorera inyishu ikibazo kihari muri iki gihe.

Ivyabona bavuga ko igitigiri gitoyi c’abari mu myiyerekano bahanganye n’abapolisi hanze y’inyubakwa zirimwo ibiro vya Reta.

Imyiyerekano y’abanyeshule imaze indwi zitari nke y’ukwiyamiriza umugambi utegekanywa w’ukuduza amafranga abanyeshule bategerezwa gutanga kugira bige. Amashule kaminuza cumi n’ane amaze kugarwa vy’agateganyo.

XS
SM
MD
LG