Uko wahagera

ONU: Amahoro n'Ituze Bikenewe mu Burasirazuba


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon ahamagarira abanya Israeli n’abanya Palestina gutekana.

Ivyo yabivugiye mu ruzinduko rw’imisi ibiri arimwo mur’ako karere. Aho n’inyuma y’indwi zibiri ziheze har’imishamirano hagati y’abanezirayeli n’abanyepalestina.

Imbere yuko agira urwo rugendo, Ban Ki Moon yabanje kwohereza ubutumwa bwa Videwo ku banyapalestina n’abanyesrayeli aho avuga ko atahura ishavu n’ibibazo biri ku mpande zose ariko akabasaba kuvavanura n’ibikorwa vy’iterabwoba n’ukugumurira abantu mubugizi bwa nabi.

Ban Ki Moon ahamagarira abategetsi ba Palestina gukoresha inguvu z’abanyagihugu babo mu kugarukana amahoro. Asaba kandi imiyabaga y’abo banyepalestina nyene guhindukirira abategetsi babo ndetse n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kubasaba ko bofasha mu kurondera inyishu ya politike kur’izo ndyane.

Hagat’aho John Kerry Secreteri wa leta wa Leta zunzubumwe za Amerika yahoze yumvikanisha abategetsi b’ivyo bihugu muri kahise imbere yuko ibiganiro bihagarara mu mwaka urangiye, ategekanya kuja mur’ako karere mur’iyi ndwi kugira afashe muguhagarika urwo ruhagarara

XS
SM
MD
LG