Uko wahagera

Canada: Justin Trudeau Yatowe kuba Minisitiri w'Intebe


Itorwa rya Minisitiri w'intebe muri Canada
Itorwa rya Minisitiri w'intebe muri Canada

Mu gihugu ca Canada, Justin Trudeau wo mu mugambwe wo kwishyira ukizana (Parti liberal) ni we yaraye atowe mu kibanza ca Minisitiri wa mbere.

Iyo ntsinzi Justin Trudeau yaraye ayitahukanye mu matora y’abashingamateka yabaye kur’uyu wa mbere. Ibiharuro vya nyuma biha intsinzi umugambwe wo kwishyira ukizana intebe 184 ku ntebe 338 mu nama nshingamateka mugihe Stephen Harper wo mu mugambwe w'abatsimbaraye ku vya kera yatahukanye amajwi 99 gusa.

Uwo Justin Trudeau ni umuhungu wa Pierre Elliot Trudeau nawe yigeze kuyobora Canada. Ubu yakukurutse. Justin Trudeau ni we kandi akiri muto mu bitoje kuko afise imyaka 43 gusa.

Abatavuga rumwe n’umugambwe arimwo bamwagiriza ko akiri muto kugira ngo atware igihugu. We akemera ko muvyo azoza ahindura ari ugushira amafaranga mu kwubaka ibikorwa vya leta bikomeye no kugukomeza imigenderanire na Leta zunze ubumwe z'Amerika.

Inyuma yaho atsindiye, Trudeau yatangaje ati: “Iki nico politike itunganijwe neza ikora”. Yongeyeho ati: Ibi bizobera akarorero ku bantu bipfuza kugira ico bashikako bagatinya ko batobishobora

XS
SM
MD
LG