Uko wahagera

Amerika Ntizahangana n'Uburusiya muri Siriya


Perezida Barack Obama wa Leta zunze ubumwe z'Amerika ku munsi wa 5 yaramenyesheje ko ingwano iri muri Siriya atari ingwano hagati y’Uburusiya n'Amerika.

Ivyo yabivuze mu gihe ivyo bihugu vyombi bifise indege z’ingwano ziriko zirafasha imirwi itandukanye murico gihugu.

Mu kiganiro yatanze ku munsi wa 5, Perezida Obama yaranebaguye cane ibikorwa vya gisirikare Uburusiya buriko burakorera muri Siriya.

Yavuze ati Uburusiya bwagiye muri Siriya kubera bwabonye umunywanyi wabwo Perezida wa Siriya Bashar Al Assad ata nguvu agifise zo kurwana. Yongeyeho ati, yasanze ivyo kumuha ibirwanisho n’amafaranga bitagikwiye, none ubu naho yamuhaye indege z’ingwano nabadereva bazo.

Ati ikindi Vladimir Poutine ntaratandukanya imirwi y’iterabwoba nka Islamic States n’abatavuga rumwe na Leta ya Siriya b'Aba Sunni, bashaka ko intwaro ya Perezida Assad ihinduka, ati bose abita imirwi y’iterabwoba.

Perezida Obama kandi yarahakanye ko umukenyuro Perezida Poutine ariko arakoresha woba ushigikiwe na benshi.

Kurico yavuze ati uwo mukenyuro ushigikiwe na Irani gusa, ati ariko twebwe dushigikiwe n’amakungu yose.

XS
SM
MD
LG