Uko wahagera

Burkina Faso: Ihurizo ryo Kwambura Intwaro Abarindaga Perezida.


Igisirikare ca Burkina Faso gitangaza ko umugwi w’abasirakare bacungera umutekano w’umukuru w’igihugu, uvugwako vyinshi kandi uheruka kugerageza kugira kudeta, wanse gushira ibigwanisho hasi.

Igisirikare kivuga ko, ibikogwa vyo kwaka ibigwanisho uwo mugwi bita RSP ataco vyashitseko, kubera uwo mugwi warahiye ko uta bigwanisho ugiye gushira hasi. Igisilikare kivuga kandi ko vyatewe n’inyifato idatomoye neza ya General Gilbert Diendere, umukuru wabo basirikare, ari nawe yabayoboye mu kugira kudeta.

Ivyo bikogwa vyo kwaka uwo mugwi w’abasirikare ibigwanisho vyatanguye ku musi wa gatanu, nyuma yaho abategetsi batangaza icese ko batandukanije uwo mugwi w’abasirikare.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyateguye inama yihuta kuri uno musi wambere, miryango itagengwa na reta nayo ihamagarira abanyagihugu kuja mu myiyerekano.

Tubibutse ko uwo mugwi w’abasirikare bita RSP wateguye kudeta, aho bafata imbohe umukuru w’igihugu mfatakibanza Michel Kafando, n’abashikirangaji bamwe bamwe, kw’itariki 16 z’uku kwezi kw’icenda. Abasirikare ba RSP bashavujwe n’uko reta mfatakibanza yari yankiye abashigikiye uwahoze ari umukuru w’igihugu Blaise Compaore guhiganwa mumatora y’imirije.

XS
SM
MD
LG