Uko wahagera

Nijeriya: Bombe Zaturikiye mu Mujyi wa Maiduguri


Muri Nigeriya ibibombe bishika bine vyaraturikijwe ku musi w’Imana mu gisagara ca Maiduguri, kumurwa mukuru w’intara ya Borno. Byibanze mu gace gakoreramwo umurwi w’iterabwoba wa Boko Haram.

Gushikubu ntamakuru amenyesha ivyoba vyononekaye mur’ivyo bitero.
Abar’aho ivyo vyabereye bamenyesha ko ibibombe bibiri vyaturikiye mu mumisigiti ibiri iri mur’ico gisagara ca Maiduguru mugihe abantu bariko baraheraheza amasengesho y’umusi.

Ibindi bitero vyabereye mu masoko y’ico gisagara. Gushik’ubu ntanumwe ariyitirira ivyo bitero, ariko Umuhari wa Boko Haram niwo umaze igihe utera ibibombe kuva aho utanguriye ibitero mu mwaka w’2009.

Umuhari wa Boko Haram umaze kwica abanyanijeriya bashika ku bihumbi cumi mu rugamba rwabo rwo gushiraho kunguvu amategeko y’idini rya Islamu mu buraruko bwa Nijeriya.

XS
SM
MD
LG