Uko wahagera

Amerika n'Uburusiya mu Biganiro kuri Siriya?


Imyotsi icumba mu mujyi wa Aleppo muri Siriya
Imyotsi icumba mu mujyi wa Aleppo muri Siriya

Leta Zunzubumwe za Amerika irategekanya kugira ibiganiro n’Uburusiya, mu gihe hari umwitwarariko ukomeye w’Amerika ko Uburusiya buriko burakomeza ibikorwa vya gisirikare muri Siriya. Muri ibyo harimwo n’uko Uburusiya bwiyumvira kuzorungika abasoda barwana muri ico gihugu.

John Kerry umunyamabanga wa Leta, wa Leta Zunzubumwe za Amerika yavuze ko Prezida Barack Obama yiyumvira ko ivyo biganiriro n’Uburusiya bikenewe mu gihe Amerika nabo bafashanya bariko bararondera gutorera umuti ikibazo ca Siriya. Ico kibazo catumye impunzi ziba umurengera, ubu izo mpunzi nyene zikaba zateye ibihugu vya Bulaya.

Ash Carter umunyamabanga wa LZA ajejwe kwivuna abansi ku munsi wa 5 yaragize ibiganiro vyubaka na Mugenzi we w’Uburusiya Sergei Shoygu.

XS
SM
MD
LG