Uko wahagera

OMS: Ni Ngombwa Gukomeza Kwirinda Ebola


OMS, ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe amagara y’abantu kw’isi, bimenyesha ko ibikogwa vyo kugwanya ikiza ca Ebola bigenda bitera intambwe. Nyamara OMS iragabisha kw’ico kiza kitarahera neza na neza, kandi kw’ibihugu iyo ngwara yandukiyemwo abantu ku bwinshi bitegerezwa kuguma birikanuye.

OMS imenyesha ko ahanini amakuru yerekeye ukwo ibikogwa vyo kugwanya iyo ngwara biriko biragenda aremesha. Kuva mu kwezi kw’indwi, ibitigiri vy’abantu banduye iyo ngwara ntibagera kuri cumi. Muribo, bane bava mu gihugu ca Sierra Leone mu kigwati ca Kambia, mu ndwi iheze naho uwindi umwe wenyene niwe yanduye iyo ngwara mu gihugu ca Gineya.

Icegera c’umuyobozi w’ibiro vya OMS Bruce Aylward, avuga ko muri Gineya ariho ibintu vyifashe neza kurusha. Avuga ko indwi iraheze ata muntu yanduye iyo ngwara. Ati iyo niyo misi myinshi yambere irenze ata muntu yandiye Ebola, kuva mu kwezi kwa gatatu kw’umwaka uheze. Ati ivyo rero vyerekana kw’ibikoga vyo kugwanya iyo ngwara vyateye intambwe zidasanzwe.

Dr. Ayland avuga ko Afrika y’uburengero yageze ku ntambwe zitatu zikomeye mundwi iheze. Amenyesha kw’igihugu ca Liberia ca renze imisi 42 ata muntu yanduye iyo ngwara, ivyo bigasigura ko bahagaritse iyo ngwara, kandi kw’ico gihugu cavuye kurutonde rw’ibihugu bifise Ebola incuro igira kabiri. Ati umugwa mukuru wa Sierra Leone nawo, umaze imisi 21 ata muntu yanduyeyo iyo ngwara. Itambwe ya gatatu ikomeye, ikaba ari ukw igihugu ca Guinea cose kimaze indwi ata muntu n’umwe ayanduye.

XS
SM
MD
LG