Uko wahagera

Burundi: Amerika Isaba Abarundi Gushyira Ibiganiro Imbere


Amatora y’umukuru w’igihugu, atabonwa kumwe na bose, mu Burundi, yarigijweyo gushika kw’itariki 21 z’ukwezi kw’indwi, mu gihe uruhagarara n’ubwicanyi bitera vyiyongera mu gihugu.

Abasirikare ba reta, n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye, baherutse gutana mu mitwe mu ntara ya Kayanza, hafi y’urubibe n’igihugu c’Urwanda.

Bulamatari w’iyo ntara yatangaje kw’abo bantu bitwaje ibirwanisho binjiye mu Burundi bavuye mu Rwanda, icagirizo abategetsi b’Urwanda bahakanye.

Ivyo bikaba bishobora gutuma haba ubwoba kw’ukutumvikana kw’abanyapolitike, n’imyiyerekano mu mabarabara y’ukwiyamiriza ko prezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza, asubaira kwitoza bishobora kuvamwo intambara ikomeye.

Abatavuga rumwe na Reta barihojeje amatora, mu kuvuga ko ingingo ya prezida Nkurunziza y’ukurondera ikiringo ca gatatu irenga kw’ibwirizwa shingiro. Itangazwa ry’uko asubira kwitoza mu kwezi kwa kane, vyatumye haba imyiyerekano yameze indwi zitari nke, imwe muri iyo myiyerekano ikaba yabayemwo ubwicanyi.

Prezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza, avuga kw’ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ituma ashobora gusubira kwitoza.

Umuvugizi wa prezida, Gervais Abayeho, yatangaje ko prezida Nkurunziza yateye igikumu ku ngingo yigizayo amatora y’umukuru w’igihugu, yari yategekanijwe kuba kw’italiki cumi na zitanu z’ukwezi kw’indwi, mu kwishura ku vyasabwe n’abategetsi b’ibihugu bigize uburyango wo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko. Ivyo bihugu vyari vyarondeye kw’amatora yigizwayo gushika kw’italiki mirongo itatu z’ukwezi kw’indwi, kugira bihe prezida w’igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni, umwanya w’ukugerageza guhuza mu biganiro hagati ya prezida Nkurunziza, n’abatavuga rumwe nawe, mu kigoro k’ukugarukana amahoro n’umutekano mu Burundi. Umuvugizi wa prezida, Gervais Abayeho, yavuzeko ivyo vyoba birenze ku butegekanywa n’ibwirizwa shingiro.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziratewe impungenge bikomeye n’amakuru avuga kw’ingwano yadutse mu bice bitari bike vy’Uburundi hamwe n’ibiherutse gutangazwa n’Abarundi bagabisha gukoresha inguvu kuri Reta y’Uburundi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zisaba impande zose kwiyemeza ku biganiro vyubaka kugira zitorere inyishu iciye mu mahoro, ibibazo vya politike bishobora kugeramira amahoro n’umutekano vyashitsweko mu gushira mu ngiro amasezerano ya Arusha, mu kiringo kirenga imyaka cumi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziriyamiriza ikoreshwa ry’inguvu kugira abantu bashike ku migambi yabo ya politike, zikaba zidashigikiye akigoro akariko kose k’ugufata ubutegetsi biciye mu buryo butisunze ibwirizwa shingiro.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntizishigikiye na gato ibikorwa ivyarivyo vyose vya gisirikare canke ibitero mu Burundi, zikazorondera gutuma abo bose bazoba batyoje bikomeye agateka ka muntu babibazwa.

XS
SM
MD
LG