Uko wahagera

Ambassaderi wa Amerika, Stephen Rapp Aragabisha Abategetsi b'Uburundi ko Bashobora Gukwirikiranwa


Stephen Rapp, Ambasaderi wa Amerika ajejwe gukwirikirana ivyaha vyo mu ngwano n'ivyaha bityoza agateka ka muntu
Stephen Rapp, Ambasaderi wa Amerika ajejwe gukwirikirana ivyaha vyo mu ngwano n'ivyaha bityoza agateka ka muntu

Ambasaderi Rapp yagabishije ko abo bose bafise uruhara mu mabi n’ubwicanyi bikorwa mu Burundi bazotahira muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe gukwirikirana ivyaha vyo mu ngwano, n’ivyaha bityoza agateka ka muntu, Stephen Rapp, avuga ko abari inyuma y’ubwicanyi mu Burundi bashobora gukwirikiranwa.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Service y’Ikirundi n’ikinyarwanda, Stephen Rapp, avuga kw’abari mu myiyerekano ibaye mu mahoro babandanya kuraswa, mu mabarabara y’umurwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura.

Yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitewe impungenge cane cane n’amabi akorwa n’imikangara y’abarwanyi b’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, zizwi kw’izina ry’Imbonerakure.

Ambasaderi Stephen Rap,p avuga ko bariko barungika ubutumwa bukomeye cane bushoboka, kw’abo bose bakora amabi, cane cane abahamagarira abandi gukora ayo mabi, baha ibirwanisho bakongera bakarungika abarwanyi bakora ayo mabi ko bazobibazwa.

Ambasaderi Rapp, yagabishije ko abo bose bafise uruhara mu mabi n’ubwicanyi bikorwa mu Burundi, bazotahira muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Avuga ko Uburundi buri mu bihugu vyateye igikumu ku masezerano yashinze sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ivyo bikaba bishobora gutuma abantu ku giti cabo, mbere n’abategetsi bashobora kubazwa ayo mabi n’ivyo vyaha. Amenysha kw'ivyo bizoba niyo urugero rw’ubwicanyi n’uhuhamagarira abandi kwica vyabandanya mu Burundi.

Ambasaderi Rapp, avuga ko ubwicanyi n’ayandi mabi akorwa bitegerezwa guhagarara, kandi kw’abantu bariko berekana uburenganzira bwabo biciye mu mahoro batosubira kuraswa.

Ambasaderi Rapp, yabaye umushikirizamanza wa sentare idasanzwe kuri Sierra Leone, akaba n’umushikirizamanza akomeye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda, yasavye kandi abanyapolitike kwirinda gukoresha ikarata y’ubwoko.

Amenyesha ko kimwe mu bintu bibateye impungenge kurushiriza ari uko abantu bagarukana ibibazo vy’ubwoko, mu kuvuga ko kimwe mu bintu vyari vyashitsweko i Arusha, kwari uguhagarika amacakubiri afatiye bku bwoko.

Ambasaderi Rapp, avuga ko ukutavuga rumwe na Reta y’Uburundi bidafatiye ku bwoko, ngo bifatiye ku mvo za politike. Amenyesha ko gusubira muri kahise ari akigoro k’ugukina ikarata y’ubwoko.

Amenyesha kw’ari ukwihenda kandi bishobora kugira inkurikizi mbi cane, kandi ko icaha c’ugukokeza abantu gukora ibonyabwoko ari icaha gikwirikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, n’amategeko y’igihugu icarico cose.

XS
SM
MD
LG