Uko wahagera

Uko Abanyabujumbura Bitabiriye Amatora


Abanyabujumbura bitabiriye amatora ku buryo bunyuranye

Hagati mu gisagara ca Bujumbura kuri uno musi wa mbere nta mirimo yaharanguriwe. Nta ruja nuruza rwibonekeje, rwaba urwo abantu canke ugw’imiduga.

Ahanini ibyo vyavuye ku ikibazo cumutekano muke ufatanije nibihuha bimaze imisi vyibonekeza mu gisagara ca bujumbura.

Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Fidelite Ishatse yashitse hagati mu gisagara ca Bujumbura hari nk igihe isaha zitanu zirenga. Aho yagiye araca hose hagati mu gisagara uretse abapolisi n abasirikare abantu basanzwe bari imparugwa. Nimiduga kwari uko unyene harengana umwe umwe myinsi muri yo yari iyo abajejwe umutekano.

Kubijanye n’imirimo yahora irangurigwa mu gisagara ca bujumbura na cane cane iyo abikorera utwabo nkabadandaza yasa ni iyahagaze.

Eka mbere no kubituro vyama bus hari hagaragra kiretse nko kugituro kiriko ama bus aja mu bumanuko bw igisagara ca bujumbura,a ho twabonye kugituro c iza kanyosha i bus zigera kuri zitatu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:19 0:00

XS
SM
MD
LG