Bamwe bwamwe mu banyepolitique bakavuga kw’ivyo bikorwa bihushanye n’ibwirizwa nshingiro kuko ngo umukuru w'igihugu atwara amaze kwemanga ko asubira kwitoza, Inama nshingamateka isigara ikorana mu nama zidasanzwe gusa, "SESSION EXTRAORDINAIRE".
Umuvugizi w'inama shingamateka Francois KABURA, we yemeza kw’ivyo bikorwa ata tegeko na rimwe bihonyanga. Muri rusangi amategeko ategekanijwe kwigwa kugera mu kw’umunani agera kuri 23.