Uko wahagera

Burundi: Ba Komiseri Babiri muri Batanu ba CENI Bahunze


New Amatora
New Amatora

Abakomiseri babiri b'umurwi w'igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI batanze imihoho. Muribo harimwo icegera c'uwurongoye uwo murwi umupfasoni Spès Caritas Ndironkeye n'umupfasoni Illuminé Ndabahagamye.

Umurwi CENI warusanzwe ugizwe n'abakomiseri batanu ubu hasigaye batatu ni Uwurongoye uwo murwi Petero Claver Ndayicariye, umuvugizi w'uwo murwi Prosper Ntahorwamiye na Anastase Hicuburundi ajejwe ivy'amategeko muruwo murwi.

Abo bakenyezi babiri batanze imihoho baciye bahunga igihugu.
Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura mu Burundi Tabitha Mukamusoni amaze kuvugana n’ubuyobozi bwa komisiyo y’igihugu yigenga y’amatora CENI.

XS
SM
MD
LG