Uko wahagera

Burundi: Ishirahamwe, O-N-U Ryiyamirije Iyicwa ry'Umunyepolitike Atavuga Rumwe na Reta


Abantu batwaye isandugu irimwo ikiziga c'umuyobozi w'umugambwe, UPD-Zigamibanga, Zedi Feruzi, ku musi w'Imana, italiki 24 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w''2015.
Abantu batwaye isandugu irimwo ikiziga c'umuyobozi w'umugambwe, UPD-Zigamibanga, Zedi Feruzi, ku musi w'Imana, italiki 24 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w''2015.

Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu rujejwe umutekano kw’isi, rwariyamirije iyicwa ry’umuyobozi w’umugambwe utavuga rumwe na Reta, UPD, mu Burundi, Zedi Feruzi, urupfu rwiwe rwageramiye utwigoro tw’ugutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi biciye mu biganiro bihagarikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U.

Zedi Feruzi yashinguwe, ku musi w’Imana, umusi umwe inyuma yuko we n’uwurarira ubuzima bwiwe bishwe barashwe, ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura.

Mw’itangazo, ku musi w’Imana, urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi rwariyamirije iyicwa rya Feruzi, n’ikindi gitero cihaye inkumbi mu gisagara ca Bujumbura mu ndwi iheze. Urwo rwego rusaba abategetsi kugerageza gutuma ata bundi bwicanyi buba, mu gihe bubahiriza ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro n’ukugira amakoraniro mu mwidegemvyo.

Urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi rwasavye abategetsi kugira uruhara, mu biganiro vya politike, yamara Frederick Bamvuginyumvira, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta yatangaje, ku musi w’Imana, kw’umugambwe wiwe utazosubira kugirana ibiganiro na Reta.

Amenyesha ko bavuye mu biganiro kubera ata kamaro bifise, amenyesha kw’ikintu cihutirwa ari uguhagarika ubwicanyi n’igandagurwa ry’abayoboye imigambwe itavuga rumwe na Reta.

XS
SM
MD
LG