Uko wahagera

Burundi: Amatora y'Abashingamateka Yungurujwe


Umukuru w'igihugu yashize umukono kw'itegeko ryunguruza ikiringo c'amatora. Amatora y'abajenama ba komine n'abashingamateka yungururijwe kw'itariki zitanu z'ukwezi kwa gatandatu n'ukuvugako hongerejweko indwi imwe.

Imyiyerekano y'abiyamiriza ikindi kiringo ca preside Nkurunziza irabandanya, muri komine musaga igipolisi nico kiringo kiracungera iyo myiyerekano, amasasu n'amagrenade biriko birasamirana.

Mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura muri Ngagara na Cibitoke imyiyerekano yabaye mu mutekano ariko amabarabara yose akaba yarazibiye nta modokari nimwe yacaruka. Abasirikare barareka abari mu myiyerekano bakayikora mu mutekano.

Muri commune Nyakabiga hoho imyiyerekano yahitanye umusirikare, ipikipiki imwe nayo iraturirwa.

XS
SM
MD
LG