Uko wahagera

Ibihugu vyo mu Karere ko muri Afrika yo mu Buseruko Biguma mu Gacerere ku Biriko Biba mu Burundi


Prezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza
Prezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza

Intara yo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, yishuye n’agacerere gakomeye, ku myiyerekano ibandanya mu Burundi y’ukwiyamariza igenwe rya prezida Pierre Nkurunziza kugira asubire kwitoza mu kindi kiringo, mu matora yimirije mu Burundi mu kwezi kwa gatandatu.

Imisi ine inyuma yuko imyiyerekanao yadutse mu Burundi, inyuma yuko abantu babiri canke barenga mu bari mu myiyerekano bishwe, n’inyuma yuko Reta y’Uburundi yugaye amaradiyo yigenga, ibihugu bihana urubibe n’Uburundi nta na kimwe birabivugako.

Nta tangazo riratangwa icese n’igihugu ca Kenya, canke igihugu ca Uganda.

Urwanda, rwakiye impunzi zirenga ibihumbi mirongo ibiri zihunga ubwicanyi, narwo nyene rwagumye mu gacerere.

Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, Uburundi burimwo, nta ntangazo rirashiskiriza.

Sarah Jackson, icegera c’umuyobozi w’ishirahamwe riharanira agateka ka amuntu, Amnesty International, mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, yabwiye Ijwi rya Amerika ko yifuza kubona inyishu ikomeye y’ako karere.

Muri ico gihe Reta ya Canada yasohoye itangazo ryerekana impungene z’ico gihugu, ku bwicanyi bwabaye ku musi w’Imana mu Burundi.

Reta ya Canada imenyesha kw’itewe impungenge n’umwuka mubi wa politike utera wiyongera, n’amakuru yizewe y’ubwicanyi bukorwa n’abarwanyi b’ishami ry’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, Imbonerakure, barya umutima abanyagihugu mu Burundi.

Kubera izo mvo, ibitigiri binini vy’Abarundi bariko bahungira mu bihugu bibanyi, cane cane Urwanda.

Reta ya Canada isaba imigambwe yose mu Burundi gukora mu mahoro, kandi yivuye inyuma, mu gikorwa c’ukugarukana umutekano, ku Barundi bose, ibintu nkenerwa cane kugira habe amatora yigenga kandi atagira utunenge mu Burundi.

Reta ya Canada isaba Uburundi kwisunga amasezerano ya Arusha, Amasezerano yerekeye Demokrasi, amatora n’ubuyobozi mu karere ka Afrika, Uburundi bwateyeko igikumu, n’ivyo Uburundi bwiyemeje mu makungu harimwo, ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifransa, Franchophonie.

XS
SM
MD
LG