Uko wahagera

Papa Francis Yasavye Amakungu Gufasha Abimukira


Aborigen sakin büdcə ixtisarlarına etiraz edir. Rio de Janeyro, Braziliya.
Aborigen sakin büdcə ixtisarlarına etiraz edir. Rio de Janeyro, Braziliya.

Papa Francis, yasavye kw’amakungu afasha kurushiriza gutorera inyishu, igitigiri gitera ciyongera c’abantu bahunga umutekano muke, mu karere ka Afrika.

Inyuma y’inama yagiranye na prezida w’igihugu c’Ubutaliyano, Sergio Mattarella, ku musi wa gatandatu, Papa Francis, yatangaje ko bigaragara kw’ikibazo c’abantu barondera kuja kuba mu karere k’i Bulaya, gikenewe kw’amakungu acicarira kurushiriza.

Yongeye kandi arerekana ko ashimishijwe n’ukugene Ubutaliyano bwakiye abo bantu, bashobora gutakaza ubuzima bwabo, bariko barondera kujabuka ibahari Mediterranee, kugira bashike mu karere k’i Bulaya.

Ku musi wa gatanu, prezida wa Amerika, Barack Obama, n’umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, yari mu rugendo muri Amerika, Matteo Renzi ,baraganiye ikibazo c’abantu barondera kuja kuba, mu karere k’i Bulaya, mu biganiro bagiranye i Washington DC.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi, benshi bava mu bihugu vyasinzikajwe n’ingwano vyo muri Afrika, no mu karere k’Abarabu, baragerageza kujabuka ibahari Mediterranee, mu mwizero w’ugushikira akarere k’i Bulaya.

Amashirahamwe ajejwe gutabara, atangaza kw’abantu bagera ku majana atanu bapfuye, muri uyu mwaka, kubera inzara, inyota, n’ukwuzurana, mu bwato buba bubatwaye, mw’ibahari Mediterranee.

XS
SM
MD
LG