Uko wahagera

Utundi Twigoro tw'Ukurwanya Kugurisha Abantu Turakenewe


Abarondera kuja mugerera i Bulaya batabawe n'abajejwe gukingira imbibe zo mu mazi b'Ubutaliyano
Abarondera kuja mugerera i Bulaya batabawe n'abajejwe gukingira imbibe zo mu mazi b'Ubutaliyano

Prezida wa Amerika, Barack Obama, n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubutaliyano, ari mu rugendo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, baraganiye ibibazo vy’abarondera kuja kugerera, mu karere k’i Bulaya, bagira mw’ibahari Mediterrannee, igihe abo bategetsi babiri babonana, ku musi wa gatanu i Washington DC.

Igipolisi c’ igihugu c’Ubutaliyano, carahagaritse aba Abanyafrika b’aba Islamu cumi na batanu, bikekwa ko bataye mu mazi aba Kristu cumi na babiri, bari kumwe nabo mu bwato, mw’ibahari Mediterranee.

Igopolisi, mu gisagara ca Palermo, mu gihugu c’Ubutaliyano catangaje ko bahagaritswe, ku vyaha vy’ubwicanyi bifatiye ku rwanko rw’idini.

Abahagaritswe bava mu bihugu vya Cote d’Ivoire, Mali na Senegal. Abarokotse bavuga kw'abo bantu bataye mu mazi abantu cumi na babiri bava mu bihugu vya Nigeria na Ghana , baragabisha abandi ba Kristu.

Muri ico gihe, ubwato bw’igihugu c’Ubutaliyano bwaratabaye abantu mirongo irindwi, ku musi wa gatanu , harimwo abapfasoni mirongo ibiri, abagabo mirongo ine n’indwi n’abana babiri, babajana kw’izinga rya Lampedusa, mu bumanuko bw’intara ya Sicilie.

Mu koiganiro yahaye abamenyeshamakuru, mu biro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubutaliyano, Matteo Renzi, yatangaje kw’Ubutaliyano budashaka kubona kw’ibahari Mediterranee icika akaburi. Yongeye avuga kw’ibihugu vyose mu karere, vyaba ivy’i Bulaya, Afrika yo mu buraruko, canke vyo mu karere k’Abarabu, bitegerezwa guhagarika gucuruza abantu, vyifatanije n’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U.

XS
SM
MD
LG