Uko wahagera

al-Douri, yahoze ari Umufasha wa Saddam Hussein, Yarishwe


Izzat Ibrahim al-Douri, yahoze ari icegera ca prezida Saddam Hussein
Izzat Ibrahim al-Douri, yahoze ari icegera ca prezida Saddam Hussein

Abategetsi b’igihugu ca Iraki, batangaje ko Izzat Ibrahim al-Douri, ayoboye umugumuko w’aba Sunni, akongera akaba kuba yigeze kuba umufasha w’uwahoze ari prezida wa Iraki, Saddam Hussein, yarishwe mu gikorwa ca gisirikare.

Amakuru yatangajwe, ku musi wa gatanu, yasubiyemwo Bulamatari w’intara ya Salahuddin avuga ko al-Douri, yishwe n’inteko z’igihugu ca Iraki, n’abarwanyi b’aba Shi’ite. Igikorwa ca gisirikare cahitanye al-Douri, cabereye mu misozi yo mu ntara ya Hamreen. Bulamatari w’intara ya Salahuddin, yatangaje ko al-Douri, ariwe yatumye umurwi Islamic State uvuka, mu gihugu ca Iraki, kw’iyicwa ryiwe bizoca intege bikomeye umurwi Islamic State.

Abategetsi b’igihugu ca Iraki, baratangaje ko bishe al-Douri imbere yaho, yamara muri iki gihe hari amasanamu. Amasanamu, yerekana al-Douri yapfuye, yarakwiragijwe ku bibanza ngurukanabumenya, ku musi wa gatanu.

Ikiziga ciwe gisa n’uwahoze ari umufasha wa Saddam Hussein.

Ibipimo vya ADN, vyariko biragirwa kugira vyemeze kw’ico kiziga, mu vy’ukuri, ari ica al-Douri, avurwa kw’ari inyuma y’umugumuko w’aba Sunni urwanya Reta y’aba Shi’ite ihari, muri iki gihe, mu gihugu ca Iraki

XS
SM
MD
LG