Uko wahagera

USA: Abarepublika Baraganishije Irani ku masezerano n'Amerika


Irani kw'ikarata
Irani kw'ikarata

Umurwi w’Abasenateri 47 b’aba Republika, muri Amerika, bagabishije igihugu ca Irani, ku musi wa mbere, kw’amasezerano ayariyo yose ico gihugu kiriko kiganira na prezida wa Amerika, Barack Obama, ashobora kuzoshika gusa ku gihe azorangiza amabanga yiwe ya prezida, mu ntango z’umwaka w’2017.

Mw’ikete barungikiye abategetsi b’igihugu ca Irani, abo Basenateri batangaje ko hamwe amasezerano ayariyo yose ariko aganirwa, muri iki gihe na Amerika, n’ibindi bihugu bitanu bikomeye vyo kw’isi atoshigikirwa na Congres ya Amerika, urwo rwego rwobona ayo masezerano kw’ari amasezerano ari hagati gusa ya prezida Obama, n’umutegetsi kizigenza w’igihugu ca Irani, Ayatollah Ali Khamenei.

Abo Basenateri b’Abarepublika bavuga ko mu gihe Congres itokwemeza amasezerano, kuri programa ya nucleaire n’igihugu ca Irani, prezida akwirikira wa Amerika yoshobora gufuta ayo masezerano, mu gihe Congres yohindura ingingo ziri muri ayo masezerano, igihe icarico cose.

Abo Basenateri b’Abarepublika, baragabishije ko mu gihe Obama azorangiza amabanga yiwe ya prezida, mu kiringo kiri musi y’imyaka ibiri, nkuko bitegekanywa n’ibwirizwa shingiro, benshi muribo bashobora kuzoba bakiri mu mabanga yabo, mu myaka itari mike iri imbere.

XS
SM
MD
LG