General Martin Dempsey, umuyobozi mukuru w’igisirikare ca Amerika, yatangaje kw’inteko z’igihugu ca Iraki, zizosubira kwigarurira igisagara ca Tikrit, kiri mu minwe y’umurwi Islamic State.
General Martin Dempsey, yatangaje igihe yari agiye ku murwa mukuru w’igihugu ca Iraki, Bagdad, kw’igitigiri c’inteko z’igihugu ca Iraki, ziriko zirwanya intagondwa, ari kinini cane.
Yamara yamenyesheje kw’atibaza kw’abanya Iraki bari gushobora kugira intambwe, mu gisagara ca Tikrit, kiretse ibitero vy’indege z’ingwano z’urunani ruyobowe na Amerika bitumye abarwanyi b’umurwi Islamic State, badashobora kugira intambwe.
Abategetsi b’igihugu ca Iraki bamenyesha ko bariko bahura n’ukwivuna gukomeye, kw’abarwanyi b’umurwi Islamic State, hafi y’igisagara ca Tikrit. Yamara General Dempsey, yamenyesheje kw’intagondwa z’umurwi Islamic State zizoruhira gutsindwa.