Uko wahagera

Umurwi Boko Haram, Waremeye Icese Kubwirizwa n'Umurwi, Islamic State


Umukuru w'umurwi Boko Haram, Abubakar Shekau
Umukuru w'umurwi Boko Haram, Abubakar Shekau

Umurwi w’abarwanyi, Boko Haram, waratangaje icese ko ugiye gukwirikiza amabwirizwa y’umurwi Islamic State, mu gihe hari amakuru yuko ibitero bitari bike vy’amabombe vyahitanye abantu barenga mirongo ibiri, mu ntara ya Borno, mu gihugu ca Nigeria, aho umurwi Boko Haram ukorera.

Umurwi Islamic State, ugenzura ibice vy’ibihugu vya Iraki na Syria. Imirwi Islamic State na Boko Haram yishe abantu ibihumbi n’ibihumbi.

Ivyatangajwe n’umurwi Boko Haram, ku musi wa gatandatu, vyabaye amasaha makeyi inyuma yuko amabombe aturitse, ku murwa mukuru w’intara ya Borno, Maiduguri, ahitana abantu mirongo itanu na batanu, canke barenga, abandi bagera kw’ijana na mirongo ine barakomereka.

Ku musi wa gatanu, amakuru ava mu gihugu ca Nigeria, yatangaje kw’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, bariko bakoranira mu kibanza bakomeyemwo cane ca Gwoza, aho bariko bazana abandi barwanyi babo bavuye mu bindi bice.

XS
SM
MD
LG