Uko wahagera

Abamenyeshamakuru Ku Bibazo Bihanze Uburundi


Bamwe mu bamenyeshamakuru bo mu Burundi, ntibabona co kimwe ingorane zihanze Uburundi kandi ntibabona co kimwe akamo gasaba kw’abamenyeshamakuru babandanya guharanira umwidegemvyo mu kugira amakoraniro batanguye yitiriwe ku musi wa kabiri w’urwatsi rutoto.

Mu gihe hari abavuga kw’ubwo ar’uburenganzira bwabo, hari n’abavuga kw’abamenyeshamakuru baba bariko bashikiriza aho bahagaze ku bibazo bitandukanye vya politike mu gihe bateye akamo gasaba gushigikira uyu canke urya mugambi, haba kubandanya imyiyerekano canke gushigikira umugambi kanaka.

Mu kiganiro Dusangire ijambo, Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru wa president w’Uburundi Pierre Nkurunziza; Eric Manirakiza yahoze arongoye iradiyo Ijwi rya Amerika hamwe na professeur Fabien Cishihayo yigisha muri kaminuza yo mu gihugu ca Canada, baragize impari kur’ivyo bibazo vyose.

Reka dutangure twumvirize, batubwire ukuntu ibintu vyifashe mu Burundi mur’iki gihe:

Dutangurire ku mushingantahe Willy Namitwe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:29:29 0:00

XS
SM
MD
LG