Uko wahagera

FIFA: Igikombe cy'Isi muri Qatar Cyaba mu Mpera z'Umwaka


Umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru, FIFA, Sepp Blatter
Umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru, FIFA, Sepp Blatter

Umurwi washizweho n’ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, watangaje kw’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru, co mu mwaka w’2022, mu gihugu ca Qatar, cotegerezwa kuba mu mpera z’ukwezi kw’icumi na rimwe, gushika mu mpera ’zukwezi kw’icumi na kabiri.

Uwo murwi w’ishirahamwe FIFA, watangaje kw’ico gihe arico gihe ciza, kitohungabanya ayandi mahiganwa mpuzamakungu, kandi cotuma abantu birinda ubushuhe bukomeye, buba buri mu gihugu ca Qatar, hagati y’ukwezi kwa gatanu, n’ukwezi kw’icenda.

Mu bisanzwe, igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru kiba, mu kwezi kwa gatandatu, n’ukwezi kw’indwi, igihe ubushuhe muri Qatar, kenshi burenga degree mirongo ine Celsius.

Ikindi ciyumviro n’ukugabanya ikiringo c’igikombe c’is yose.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, mu karere ka Asia, Sheikh Salman Bin Ebrahim Al-Khalifa, yatangaje kw’ivyo vyogabanya gatoyi, ikiringo igikombe c’isi yose kimara.

XS
SM
MD
LG