Uko wahagera

Somaliya: Inama Nshingamateka Yarashigikiye Reta nshasha


Somalia kw'ikarata
Somalia kw'ikarata

Inama nshingamateka ya Somalia, yemeje Reta nshasha, ku musi wa mbere, amasaha makeyi inyuma yuko abantu bitwaje ibirwanisho bishe umwe mu bagize inama nshingamateka. Abdullahi Qayad Barre, yarashwe mu gice ca Hamar Jajab, ku murwa mukuru mukuru, Mogadisho.

Barre avurwa ko yari agiye, mu nyubakwa y’inama nshingamateka, igihe yaraswa, ari mu modoka, ahantu imodoka zica ari nyinshi.

Abagize ico gitero barahunze ico kibanza, umurwi al-Shabab ukaba wariyitiriye ico gitero.

Naho Abdullahi Qayad yishwe, inama nshingamateka yakoranye, iremeza Reta yashizweho n’umushikiranganji wa mbere, Omar Abdirashid Sharmarke.

Reta nshasha igizwe n’abantu mirongo itandatu na bantandatu, benshi muribo bakaba bari mu nama nshingamateka.

Iyo ni Reta, igira kabiri, ishikirijwe n’umushikiranganji wa mbere, inyuma yuko abashingamateka biyamirije Reta yiwe, yari yashikirije ubwa mbere.

XS
SM
MD
LG