Amakuru atangazwa avuga ko yarafise imyaka 90.
Mwenewabo basangiye umuvyeyi umwe, Prince Salman niwe yamusubiriye. Salman nawe afise imyaka 79, niwe yar’agezweko, kandi yahora ar’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi kuva mu mwaka w’2012.
President wa Reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama, yarungitse ubutumwa bwo guhoza abanyagihugu bo muri Arabie Saoudite.
Umushingantahe Obama yavuze ko nyakwingera umwami King Abdullah, yari umunyakuri kandi afise ubwira n’umwete, kandi kw’imigenderanire myiza iri hagati ya Arabie Soudite hamwe na Amerika, yafashije mu gikorwa co gutsimbataza amahoro n’umuekano.
Umwami Abdullah yari yagiye ku ngoma mu mwaka w’2006, yamara mu vy’ukuri yari yatanguye kurangura amabanga y’umwami kuva mu mwaka 1995, igihe umwami yatwaye imbere yiwe, King Faud, yasinzikazwa n’ingwara y’umutima agasigara ameze nk’ikimuga.
Abdullah yar’azwi cane kubera utwigoro yakoze two gushira mu bihe vya none ubwami bwiwe hamwe n’igihugu, harimwo ingingo yafashe iha abafasoni uburenganzira bwo kugira uruhara muri politike, hamwe n’ingingo yo kwifatanya na reta zunze ubumwe za amerika mu kugwanya umurwi w’iterabwoba Al-Qaida hamwe n’iyindi mirwi y’intagondwa.