Uko wahagera

Perezida Obama Yarashikirije Abanyamerika Ijambo Ry’Umwaka


President Obama ariko arashikiriza ijambo abanyamerika ari muri Congres ya Amerika
President Obama ariko arashikiriza ijambo abanyamerika ari muri Congres ya Amerika

President wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama ejo ku musi wa kabiri isaha zitatu z’ijoro, yarashikirije ijambo abanyamerika, ari imbere ya Congre ya Amerika igwiriyemwo abahurikiye mu mugambwe w’abaRepublika, batabona neza ingingo ariko arashikiriza yo kudugiriza amatagisi abanyamerika b’abatunzi.

Umushingantahe Obama atanguye umwaka wiwe ugira indwi arongoye amerika kandi ijambo ahejeje yashikirije ari imbere ya Congres, rizokwirikirwa n’ijambo nk’iryo rya nyuma, azoshikiriza mu mwaka uza.

Amakuru atohozwa yerekana ko mur’iki gihe abanyamerika bamukunda kuberra ubutunzi bubandanya kwiyongera. Abanyagihugu batora benshi, barashigikiye ingingo aherutse gufata yo gusubira kugira imigenderanire myiza n’igihugu ca Cuba hamwe n’ingingo yo guha uburenganzira abantu baba muri amerika badafise ivyagombwa; uburenganzirabwo kuguma muri Amerika bakanashobora no gukora.

Yamara bubabaye ubwa mbere kuva afashe ubutegetsi, agiye guhangana na Congres irimwo abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka benshi kurusha abaDemokrate, inyuma y’aho mu kwezi kwa cumi na rimwe, abarepublika, batahukaniye intsinzi mu ntara zitari nke.

AbaRepublika benshi bafise umugambi wo kwankiriza ingingo yafashe yo kugira imigenderanire myiza n’igihugu ca Cuba hamwe n’izindi ngingo zose yafashe zerekeye abimukira muri reta zunze ubumwe za amerika.

Vyongeye barabandanya kwiyamiriza itegeko rihambaye yafashe ryo guhindura ukuntu abanyamerika bivuza n’ukuntu baronka assurance.

President Obama yarateye akamo gasaba kuduza amatagisi hamwe n’amatagisi yo ku nyungu z’abantu bagurisha imitahe yabo, hamwe n’akamo gasba guhagarika uburyo abatunzi bakoresha mu kuriha amatagisi makeyi hamwe n’akamo karihisha ikori ku mashirahamwe y’imitahe akomeye.

President Obama ashaka gukoresha ayo mafaranga mu kuriha amafaranga y’amakori azogabanirizwa abanyamerika bo mu rwego rwo hagati, abanyakazi hamwe n’abantu bafise imishahara ibayabaye.

Ayo mafaranga azokoreshwa kandi mu guha uburyo abanyeshule bwo kwiga imyaka ya mbere ya kaminuza kuri gusaba muri za kaminuza ntonto bita Community College.

Bisa n’uko Congres ya Amerika itazokwemera iyo migambi y’amatagisi ya president Obama. Yamara kubona ashikirije iyo migambi, bizotuma abategetsi batangura kuyiharirarko.

Ku bimwerekeye, president Obama yaratangaje kw’azofuta akongera akankiriza umugambi washikirijwe n’abaRepublika, wo kuzana muri America ibitoro bivuye mu gihugu ca Canada bicishijwe mu milingoti. Yaratangaje kandi kw’atazokwemera kw’abaRepublika bahindura ingingo yashikirije yerekeye ukuntu abanyameriak bivuza hamwe n’ukuntu baronka assurance.

XS
SM
MD
LG