Uko wahagera

Igitero c'Abarwanyi, muri Somalia, Cahitanye Abantu Batandatu


 Ikarata ya Somalia
Ikarata ya Somalia

Abategetsi ba Somalia, batangaza kw’abantu batandatu bishwe, mu gitero abarwanyi b’umurwi, al-Shabab, bagize mw’ikambi y’igisirikare, ku nkengera z’igisagara ca Baidoa.

Ivyabona babwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, kw’abantu bitwaje ibirwanisho, bateye barriere yari irariwe n’abasirikare ba Reta ya Somalia, mu gitondo co ku musi wa gatanu.

Ugutana mu mitwe kwakwirikiye, kwahitanye abantu cumi n’umunani, canke barenga, umuntu aretse abantu batandatu bapfuye. Mu bapfuye harimwo abarwanyi b’impande zose.

Igisagara ca Baidoa, kiri hafi y’ibilometero amajana abiri na mirongo ine na bitanu, mu burengero bw’umurwa mukuru wa Somalia, Mogadisho.

Ku musi wa gatanu kandi, umunya Somalia ajejwe umutekano, yarishwe , abandi bantu bane barakomereka, igihe imodoka barimwo yaturika, mu gisagara ca Galkayo, kiri hagati muri Somalia. Abigisha babiri b’abanya Kenya, bavurwako bari mu bakomeretse.

Iyo modoka yari ikoreshejwe n’abigisha bari bagiye kw’ishule rotoyi ryo muri ako karere.

Nta numwe yiyitiriye ico gitero, cabereye mu gisagara ca Galkayo.

XS
SM
MD
LG