Prezida wa Amerika, Barack Obama, yarashigikiye ingingo yiwe, y’ugusubira kugiranira imigenderanire, n’igihugu ca Cuba, mu kuvuga ko Reta Zunze za Amerika zizoronka akaryo kurushiriza, k’ugutuma ibintu bihinduka, muri Reta ya gikomunista, muri Cuba.
Mu kiganiro c’ukurangiza zumwaka, yahaye abamenyeshamakuru, mu biro vyiwe, Maison Blanche, ku musi wa gatanu, prezida Obama, yatangaje kw’atiteze kw’ibintu bizohinduka buno nyene, mu gihugu ca Cuba, akaba yatangaje ko bisa n’ibizofata igihe, imbere yuko congress ya Amerika itangura kuganira, ivyerekeye gukuraho ibihano, mu vy’ubudandaji, vyafatiwe igihugu ca Cuba.
Yamara prezida, Obama, yamenyesheje kw'ari ibigaragara, ko gukumira igihugu ca Cuba, ataco vyashitseko.
Prezida ,Obama, yarishuye ibibazo bitandukanye, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ku musi wa gatanu, harimwo ingingo aherutse gufata, ku baje kugerera, muri Amerika, hamwe n’imigenderanire, itameze neza, afitaniye n’abo mu mugambwe w’aba Republika, muri Congres.
Yavuze ko yifuza gukorana na Congres, yamara yatangaje ko, mu gihe abashingamateka badatoye amategeko, azofata ingingo wenyeye ubwiwe.