Uko wahagera

Ban Ki moon, Ari mu Rugendo, Mu Bice Bisinzikajwe, na Ebola, muri Afrika yo mu Burengero


Umunyamabanga mukuru wa O-N-U, Ban Ki-moon ari ksumwe na prezida wa Liberia, Ellen Johnson Sirleaf
Umunyamabanga mukuru wa O-N-U, Ban Ki-moon ari ksumwe na prezida wa Liberia, Ellen Johnson Sirleaf

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ON-U, Ban Ki moon, ari mu rugendo, mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, biriko bihangana n’indwara ya Ebola, aho yemeye kw’ishirahamwe O-N-U rizobandanya, mu rugamba rw’ukurwanya ikiza ca Ebola.

Ban Ki moon, yaragendeye, Sierra Leone, ku musi wa gatanu, aho yahayagije abakozi bajejwe amagara y’abantu, bariko barwanya Ebola, mu kubita intwari.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki moon, yatangaje kw’abantu bose bategerezwa kuba magabo, ku vyerekeye umugera wa Ebola. Akaba yavuze kw’umugambi uhari, ar’ugutuma ata muntu numwe asubira kwandura umugera wa Ebola.

Mu masaha yo gitondo, co ku musi wa gatanu, muri Liberia, Bana Ki moon, yatangaje kw’afise umwizero witondewe, kw’ikiza ca Ebola gishobora gutsindwa.

Yatangaje kw’igitigiri kinini c’abantu bashobora kwivuza, yamara yaragabishije kw’umuntu umwe, yanduye uwo mugera, ashobora gutuma Ebola isubira kuba ikiza kibica bigacika.

Ibiharuro bishasha vyashikirijwe, ku musi wa gatanu n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, O-M-S, rivuga kw’igitigiri c’abantu bafise Ebola kigera ku bihumbi cumi n’umunani n’amajana atandatu na batatu, abamaze gupfa nabo bagera, ku bihugu bitandatu n’amajana icenda na cumi na batanu.

Raporo y’ishirahamwe, O-M-S, imenyesha kw’igitigiri c’abantu bashasha bandura Ebola, kiriko kiragabanuka, mu gihugu ca Liberia, gitera gihindagurika muri Guinee, mu gihe ico gitigiri gishobora kuba carahagaritse kwiyongera, mu gihugu ca Sierra Leone.

Iyo raporo itangaza kandi kw’ata bantu bashasha ,bavurwa ko banduye Ebol,a mu gihugu ca Mali, kuva kw’italiki 24 z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

XS
SM
MD
LG