Uko wahagera

Abahoze Ar’abagwanyi muri M 23, Baragonanwa Gutahuka Muri Congo


Abahoze bari mu murwi M23 warwanya ubutegetsi mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi
Abahoze bari mu murwi M23 warwanya ubutegetsi mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi

Uwahoze ar’umukuru w’umurwi M23 wahora uwrwanya ubutegetsi mu gihugu ca Repulika ya Congo Iharanira Demokrasi, yatangaje kw’igitigiri kitaramenyakana c’abahoze ar’abagwanyi, batorotse ikampi ya gisirikare bahoramwo mu gihugu ca Uganda, imbere gatoyi y’uko batahukanwa mu gihugu cabo ca Congo.

Umukuru w’uyo murwi w’umusivile, Bertrand Bisimwa ku musi ku wa kabiri itariki 16 y’ukwezi kwa cumi na kabiri yabwiye abamenyeshamakuru kw’abo bagwanyi bahunze igihe amakamion yar’aje kubatwara ku kibanza c’indege, yashika kur’iyo kampi ya gisirikare ya Bihanga. Vyari bitegekanijwe kw’indege ibatahukana mu gihugu ca Republika ya Congo iharanira Demokrasi.

Umushingantahe Bisimwa yavuze ko bamwe mur’abo bagwanyi, barashwe bakanakomereka, igihe bariko barahunga.

Abasirikare b’igihugu c’Ubuganda, baciye barungikwa kurondera abo bagwanyi bahunze. Umuvugizi w’igisirikare c’Ubuganda, yavuze kw’abo bagwanyi bahunze bariko baragerageza kuja kwinyegeza mw’ikampi y’impunzi iri mur’iyo micungararo.

Igihugu ca Republika ya Congo iharanira Demokrasi, caragiriye ikigongwe abagwanyi bemeye ko batazosubira kugira uruhara mu migumuko, ariko abagwanyi baronderwa ku vyaha bakoze, nta kigongwe bazogirirwa.

Yamara Bisimwa yavuze kw’abagwanyi bo mu murwi M23, bashobora gukwirikiranwa n’ubutungane, canke bakicwa ngo mu gihe bosubira mu gihugu ca Republika ya Congo Ihranira Demokrasi, ngo kuko badakingiwe mur’ico gihugu.

XS
SM
MD
LG