Uko wahagera

Umushikiranganji, wo Muri Reta y'Abanya Palestina, Yarapfuye mu Gutana mu Mitwe, n'Inteko za Israel


Umushikiranganji muri Reta y'abanya Palestina, Ziad Abu Ein ariko ahangana na'umupolisi w'igihugu ca Israel
Umushikiranganji muri Reta y'abanya Palestina, Ziad Abu Ein ariko ahangana na'umupolisi w'igihugu ca Israel

Umushikiranganji muri Reta y’ubutegetsi bw’abanya Palestina, Ziad Abu Ein, yarapfuye, ku musi wa gatatu, inyuma y’uguhangana n’igipolisi, kuri barriere, mu ntara ya Cisjordaniya.

Igihe ukwo guhangana kwaduka, Ziad Abu Ein, umushikiranganji ajejwe ibibazo vy’ibibanza vyagerewemwo n’Abayahudi, yari agiye, hamwe n’abandi banya Palestina, gutera ibiti vya Olive, mu mugambi w’ukwiyamiriza ingingo y’igihugu ca Israel, y’ukwubaka mu bibanza vy’abanya Palestina.

Ivyerekeye icishe Abu Ein, ntibitomoye. Ivyabona bavuga kw'umusirikare w’igihugu ca Israel yamusunitse, amucakira n’inguvu mu muhogo.

Umusirikare w’igihugu ca Israel avuga ko Abu Ein, yasunitswe, kw’atanizwe.

Amasanamu ya video amwerekana, asa n’umuntu arwaye, inyuma y’uguhangana n’uwo musirikare w’igihugu ca Israel, abategetsi b’igihugu ca Israel, bakaba bavuga kw’ashobora kuba yapfuye, ahitanywe n’umutima, ajanywe mu bitaro.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, yaremeye witohoza, akaba yasavye abantu gutekana.

Prezida w’ubutegetsi bw’abanya Palestina, Mahmoud Abbas, yatangaje imisi itatu y’ikigandaro.

XS
SM
MD
LG