Uko wahagera

Perezida Kenyatta Yahinduye Ministri Ushinzwe Umutekano


Perezida wa Kenya Uhutu Kenyatta
Perezida wa Kenya Uhutu Kenyatta

Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta, yashikirije uwugiye gusubirira umushikiranganji w’itwaro yo hagati mu gihugu n’uwuyobora igipolici, nyuma y’amasaha make habaye igitero ca hitanye abantu 36.

Perezida Kenyatta yatangaje kuri uno musi wa kabiri ko yasubirije umushikiranganji Joseph Ole Lenku, kandi ko yashikirijwe urwandiko rwa David Kimaiyo ayobora igipolici, asaba gufata ukaruhuko kiwe ko muza bukuru.

Hari hamaze igihe havugwa kw’abo bategetsi bombi bananiwe igikogwa co guhagarika ibitero bigigwa n’umugwi al-Shabab.

Imbere y’amasaha make umukuru w’igihugu ashikirije iryo tangazo, umugwi wa al-Shabab, wari umaze kwiyitira igitero cahitanye abantu 36 mu ntara ya Mandera mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ababibonye bavuga ko abo bagwanyi bagize ico gitero mugace gacukurigwamo ubutaka, aho abakozi baho bari baryamye mu mahema yabo.

Mu kwezi guheze, abagwanyi b’umugwi al-Shabab bari baherutse ku gandagura abantu 28, muri ako gace nyene kagiriwemwo igitero c’uno musi.

Itangazo rya al-Shabab rivuga ko abagwanyi bayo bariko barahana igihugu ca Kenya kubera carungitse abasirikare baco muri Somalia.

XS
SM
MD
LG