Uko wahagera

USA: Nta Cyaha Umupolisi Warashe Michael Brown Azashinjwa


Perezida Barack Obama ariko aratera akamo abanyagihugu kabasaba kugira imyiyerekano mu mutekano mu gihe yasavye kandi abapolisi gukoresha ubwitonzi bwnshi inyuma y'aho abashingantahe hamwe n'abapfasoni bagenywe ngo bihweze niba umupolisi Darren Brown yarakoze icaha mu kwica umwirabure umusore w'umwirabure Michael Brown batangarije kw'uyo mupolisi ata caha yakoze ejo ku musi wa gatau itariki 24 y'ukwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka w'2014.
Perezida Barack Obama ariko aratera akamo abanyagihugu kabasaba kugira imyiyerekano mu mutekano mu gihe yasavye kandi abapolisi gukoresha ubwitonzi bwnshi inyuma y'aho abashingantahe hamwe n'abapfasoni bagenywe ngo bihweze niba umupolisi Darren Brown yarakoze icaha mu kwica umwirabure umusore w'umwirabure Michael Brown batangarije kw'uyo mupolisi ata caha yakoze ejo ku musi wa gatau itariki 24 y'ukwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka w'2014.

Umurwi w’abashingantahe hamwe n’abafasoni bagenywe n’umucamanza mu ntara ya Missouri kuriga ngo bihweze niba umupolisi w’umuzungu Darren Wilson yarashe umusore w’umwirabure, Michael Brown, yarakoze icaha, mu kanya gatoyi gaheze, uhejeje gushikiriza ingingo washitseko ivuga kw’uyo mupolisi adakwiye kwagirwa n’icaha.

Uyo murwi waramaze igihe wihweza niba Darren Wilson, umupolisi wo mu gisagara ca Saint Louis, yarashe uyo musore ata kigwanisho yar’afise, Michael Brown kw’igenekerezo ry’icenda ry’ukwezi kw’umunani., yamurashe ata mpavu afise.

Iyicwa ry’uyo musore, ryaratumye haba uruhagara rukomeye mur’ico gisagara kigwiriyemwo abirabure, yamara gicungwa ahanini n’abapolisi b’abazungu.

Inyuma y’aho ubwo bwicanyi bubereye, harabaye ubusahuzi bukomeye hamwe n’imyiyerekano yabayemwo umugumuko mu kiringo c’indwi zitari nke, gushika aho abapolisi bakoresha ibimodo vya blinde hamwe n’imyuka irakira mu maso, mu gushwiragiza abantu bariko abragira imyiyerekano.

Ejo ku musi wa mbere ku mugoroba, bulamatari w’intara ya Missouri Jay Nixon yari yateye akamo gasaba kubungabunga amahoro n’umutekano.

Bulamatari Nixon yavuze kandi kw’abandi basirikare bajejwe gucungera umutekano w’igihugu, bahamagawe gufasha abapolisi bo mur’ico gisagara.

Imirwi y’abantu bakora imyiyerekano bavuye mu gihugu cose, iritezwe mu gisagara ca Furgeson, mur’iki gihe uyo mupolisi ategetsweko ivyaha.

Mu kanya gaheze kandi, president wa Reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama ahejeje gushikiriza ijambo, akaba yibukije ko Amerika, ar’igihugu kigendera ku mategeko.

Yifatanije n’abavyeyi ba Michael Brown gusaba kw’abantu bogira imyiyerekano mu mutekano.

Yateye akamo kandi abapolisi bo mu gisagara ca Furgeson kabasa gukoresha ubwitonzi bwinshi mu kurangura igikorwa cabo co gucungera umutekano.

Yavuze kw’ivyabaye mu gisagara ca Furgeson ar’ingorane yibonekeza mu gihugu cose, kandi ikwiye kwicarirwa.

Yatangaje ko yasavye umushikirizamanza kizigenza Eric Holder gukorana n’abapolisi bose bo mu gihugu hamwe n’abanyagihgu kugira ngo abajejwe umutekano banagure imigenderanire bafitanieye n’abanyagihugu bacungera.

XS
SM
MD
LG