Uko wahagera

Uburundi Bwasabwe Gutohoza No Gutanga Raport Y’Irtyozwa Ry’Agateka Ka Zina Muntu


Burundi
Burundi

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kwitaho agateka ka zina muntu, vyasavye Uburundi gutohoza irtyozwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’ubundi bugizi bwa nabi, bikorerwa mu Burundi .

Ivyo biro bisaba kw’Uburundi bwoba bumaze gushikiriza iyo raport imbere y’itariki ya 31 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’2015.

Frere Emmanuel Ntakarutimana avuga kw’ivyo, ar’ibintu bisanzwe kuko igihugu cose kiri mw’ishirahamwe mpuzamakungu cama cashikirije raport nk’iyo ku mwaka.

Avuga ko mur’iki gihe ico gikorwa kizorangurwa neza kuko gisabwe hakiri kare.

Frere Ntakarutimana yaragize ico avuga kandi ku mutekano mu Burundi uhungabanywa n’abagizi ba nabi basigaye baja gutera abantu ku ngo zabo, bitwaje imipanga.

Mushobora guteka amatwi ikiganiro yahaye Iradiyo Ijwi rya Amerika kw’igenekerezo rya 10 ry’ukwezi kw’icumi na rimwe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:08:45 0:00
Ibishamikiyeho

XS
SM
MD
LG