Uko wahagera

Abanyecongo 100 bahoze Mu mirwi Yitwaje Ibigwabnisho, Barishwe N’inzara


Abagwanyi bo mu muhari M23
Abagwanyi bo mu muhari M23

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, ryatangaje kw’abanyeko barenga 100, bahora bari mu mirwi yitwaje ibigwanisho, hanyuma bagashirwa mu buzima busanzwe, bishwe n’inzara bari mw’ikampi ya gisirikare, iri mu ntara ya kure mu gihugu.

Itangazo, ishirahamwe Human Rights Watch ryashize ahabo ejo ku musi wa gatatu, rivuga kw’igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Democrasi, cakoze ivyaha mu kutitaho abo bantu bari bakoranirijwe mw’ikampi ya Kotakali, iri mu buraruko bushira uburengereo bw’igihugu.

Iryo shirahamwe ryateye akamo reta ya Congo kayisaba gukura abantu bose bari mur’iyo kampi, kugira ngo bimurirwe mu kibanza, amashirahamwe atanga imfashanyo, ashobora gushikamwo, hamwe no guhana abantu bose bafashe nabi abo bantu.

Ishirahamwe Human Rights Watch, ryateye akamo kandi ishirahamwe mpuzamakungu, karisaba kugira uruhara ruhambaye kurusha, mu bikorwa vyo gusubiza mu buzima busanzwe, abo bantu bahoze ar’abagwanyi.

Iyo kampi iri mu ntara ya Equateur, ihaye indaro abahoze ar’abagwanyi batsinzwe ku rugamba, bahora bari mu mirwi itandukanye irwanya ubutegetsi, hamwe n’imiryango yabo.

Umutegetsi ajejwe iyo kampi, yabwiye ishirahamwe Human rights Watch, ko reta ya Republika ya Congo iharanira Demokrasi, idafise uburyo bwo gutwara imfashanyo n’ibifungurwa mur’ico kibanza kiri mu ntara ya kure.

XS
SM
MD
LG