Iyo nkuru itangajwe mu gihe izo nteko z’ishirahamwe rya Afrika zicungera umutekano, ziriko ziragirizwa ivyaha bikomeye vyo gufata abapfasoni hamwe n’abigeme ku nguvu.
Raport yasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kwitaho agateka ka zina muntu, ivuga kw’abo basirikare bafata ku nguvu abapfasoni hamwe n’abigeme, kandi banabahendereza imfashanyo z’ibifungurwa kugira ngo babashurashuze.
Abategetsi ba Amisom barahakana ivyo birego, baka bavuga kw’ishirahamwe Human Rights Watch, rytangaje iyo nkuru ritarayitohoza neza.
Bavuga kandi kw’abasirikare bose bahawe amategeko y’ukuntu bategerezwa kwubahiriza imico y’abanyaSomalia.
Twaravuganye n’umukuru w’izo nteko, Lieutenant general Silas Ntigurirwa:
Aratangura avuga ivyerekeye umugambi wo kwigarurira ibisagara bitatu biri mu minwe y’umurwi, Al-Shabab.