Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere wa Lesotho, Arabonana na Jacob Zuma


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Lesotho. Thomas Motsoahae Thabane
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Lesotho. Thomas Motsoahae Thabane

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Lesotho, Thomas Thabane, ari mu gihugu ca Afrika y’epfo, kuganira uruhagarara ruherutse kuba, mu gihugu ciwe, mu gihe bamwe bavuze kw’ari coup d’etat yageregejwe.

Bitegekanijwe ko Thomas Thabane, abonana na prezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma, n’icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Lesotho, Mothetjoa Metsing, Thabane yagiriza ko yateye urwo ruhagarara.

Amasasi yarasanye, ku musi wa gatandatu, ku murwa mukuru wa Lesotho, Maseru. Abantu bitwaje ibirwanisho, bashobora kuba ari abasirikare, barakikuje inyubakwa y’umushikiranganji wa mbere, n’umutegetsi mukuru w’igipolisi.

Thabane avuga kw'urwo ruhagarara ari igeregezwa rya coup d’etat, yamara umuvugizi w’igisirikare avuga kw’igisirikare cariko kigeregeza kwubahiriza umutekano, mu gihugu, imbere y’imyiyerekano ikomeye y’ukwiyamiriza Reta, itegekanijwe, uno musi ku wa mbere.

Abategetsi b’igisirikare c’igihugu ca Lesotho, bavuga kw’abasirikare basubiye mu makambi yabo, kw’igihugu gitekanye.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban ki-Moon, yasavye iyubahirizwa ry’ibwirizwa nshingiro, na demokrasi.

XS
SM
MD
LG