Uko wahagera

Amerika Yatangaje Kw’Uburusiya Bwarungitse Ibigwanisho Muri Ukraine


Umwotsi uboneka inyuma y'aho igisagara ca Novoazovsk kiri mu buseruko bw'igihugu ca Ukraine, kirasiwe amabombe kw'igenekerezo rya 27, ry'ukwezi kw'umunani, 2014.
Umwotsi uboneka inyuma y'aho igisagara ca Novoazovsk kiri mu buseruko bw'igihugu ca Ukraine, kirasiwe amabombe kw'igenekerezo rya 27, ry'ukwezi kw'umunani, 2014.

Ivyo ngo birerekanye kw’igihugu c’Uburusiya arico kiriko kiratunganya ibitero vy’abarwanya ubutegetsi muri Ukraine biriko biraba mur’iki gihe, hafi y’ibisagara bibiri bikomeye biri mu minwe y’abagwanya ubutegetsi.

Umuvugizi wa department ya reta ya ameriika, Jen Psaki yavuze kw’ivyo bikoresho vya gisirikare birimwo ibimodoka vya gisirikare vya Blinde hamwe n’ivyuma vya gisirikare birasa rocket.

Yatangaje kandi amakuru yashikirijwe n’abanyagihugu bo muri Ukraine biyonkoye, avuga kw’imihana ibamwo abasivile mu gisagara ca Manupoli, iriko iraraswa.

Yavuze kandi kw’ingwano ikomeye yadutse ku kibanza c’indege mu gisagara ca Donetsk.

Abategetsi ba gisirikare bo mu gihugu ca Ukraine hamwe n’abo, mu bihugu vyo mu burengero, bariko bavuga kw’igihugu c’Uburusiya cinjiye mur’iyo ngwano.

Ikinyamakuru co muri reta zunze ubumwe za amerika citwa, The New York Times, caratangaje amakuru cakuye mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Ukriane, avuga kw’ibimodoka vya blinde; ibikoho birasa kure hamwe n’abasirikare, vyinjiye mu gihugu ca Ukraine bivuye mu gihugu c’Uburusiya, biciye ku rubibe rwo mu gisagara ca Novoazovsk, mur’iyi misi iheze.

Ico kinyamakuru kivuga kw’ivyo vyaciye bituma abasirikare b’igihugu ca Ukraine basubira inyuma, hanyuma abanyagihugu baba mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, bavuga ururimi rw’Ikirusiya, batekerwa n’ubwoba.

XS
SM
MD
LG