Uko wahagera

Amerika na O-N-U, Vyagiriza Hamas, Gutuma Agahengwe Gasambuka


IIbimodoka vya blinde vya Israele biriko birasa mu nrata ay Gaza
IIbimodoka vya blinde vya Israele biriko birasa mu nrata ay Gaza

Agahengwe mu ntara ya Gaza kasambutse, mu gihe abantu batari bake bapfuye, Israel n’umurwi Hamas, bikaba vyagirizwanya, isenyuka ry’ako gahengwe.

Igisirikare ca Israel, catangaje kw’abantu bitwaje ibirwanisho bateye abasirikare b’igihugu ca Israel, bariko basenyura amayira yo mu kuzimu, y’umurwi Hamas, hafi y’igisagara co mu buanuko ca Rafah, hafi y’ikiringo c’isaha, inyuma yuko agahengwe kari gashigikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, gatanguye, ku musi wa gatanu, bakaba bishe abasirikare b’igihugu ca Israel babiri.

Igisirikare ca Israel, cikeka kw’abarwanyi b’umurwi Hamas, bafashe kandi umwe mu basirikare baco, bamujana mu ntara ya Gaza, baciye mu nzira yo mu kuzimu.

Igisirikaree ca Israel, cari catangaje ko cari kubandanya gusenyura amayira yo mu kuzimu, y’umurwi Hamas, mu gihe c’agahengwe, kikaba kimenyesha kw’igitero, ku basirikare ba Israel, birenga ku vyari bitegekanijwe kuba agahenwe, k’imisi itatu, mu ngwaho hagati ya Israel na Hamas.

Ibinyamakuru, Radiyo na Televiziyo, vyo mu gihugu ca Israel ,vyatangaje kw’ahagengwe karangiye, mu gihe igisirikare casubiye kubandanya ibikorwa vyaco vya gisirikare, mu ntara ya Gaza.

Abategetsi b’abanya Palestina, batangaza kw’abanya Palestina, mirongo itatu na batanu, canke barenga, bapfuye, ku musi wa gatanu.

Abarwanyi b’umurwi Hamas, barasubiye kurasa ama roquette, mu bumanuko bw’igihugu ca Israel.

XS
SM
MD
LG