Uko wahagera

President W’Igihugu ca Somalia, Yaraye Arusimvye


Umuvugizi w'umurwi w'intagondwa z'abaIslamist al-Shabab Sheik Muktar Robow Abu Mansur (C) ariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru
Umuvugizi w'umurwi w'intagondwa z'abaIslamist al-Shabab Sheik Muktar Robow Abu Mansur (C) ariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru

Abategesi bo mu gihugu ca Somalia batangaje ko president hamwe n’umushikiranganji wa mbere ari bazima, inyuma y’aho umurwi Al-Shabab, ukoreye igitero ku ngora ya president ku murwa mukuru Mogadishu.

Abantu bavyiboneye, bavuga ko babonye ibibombe hamwe n’inkoho zasana ku rugo rw’ingoro ya president ejo ku musi wa kabiri ku mugoroba, igihe abagwanyi bo mur’uyo muhari, batera ku ngoro kwa president, bashaka kwinjira.

Abantu bavyiboneye, bavuga kandi kw’inkoho zatanguye guhora ku mugoroba cane. Mu butumwa bwarungitswe ku kibanza co gutangarizako amakuru Twiter, ibiro vya presidence y’igihugu ca Somalia, vyavuze kw’ico gitero cateshejwe, kandi mur’iki gihe hari umutekano ukeshwa indarangavye z’abasirikare b’igihugu ca Somalia hamwe n’abasirikare b’ishirahamwe rya afrika bajejwe gucungera umutekano.

Pesident Hassan Sheik Mohamoud nti yari mu ngoro iwe, igihe ico gitero caba.

Umuvugizi w’umurwi Al-Shabab yavuze kw’abagwanyi bo mu murwi wiwe, binjiye, bagafata amazu amwamwe yo ku ngoro kwa president, igihe bakora ico gitero.

XS
SM
MD
LG