Uko wahagera

Urugendo Muri Afrika Rw’Umutambukanyi Wa Vice President Wa Amerika


Jill Biden, agira kabiri mu bubamfu, umutambukanyi wa vice president wa Amerika, Joe Biden, ariko aramutsa umwana yahoze ar'umusirikare, igihe yari mu gisagara ca Bukavu mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi,
Jill Biden, agira kabiri mu bubamfu, umutambukanyi wa vice president wa Amerika, Joe Biden, ariko aramutsa umwana yahoze ar'umusirikare, igihe yari mu gisagara ca Bukavu mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi,

Jill Biden, umutambukanyi wa vice president wa reta zunze ubumwe za amerika, Joe Biden, ejo ku musi wa mbere, niho yatahuka muri Amerika avuye mu rugendo rw’imisi indwi muri Afrika, aho yariko arashikiriza ubutumwa buvuga kw’abakobwa bategerezwa kuja mw’ishule kandi ko n’abapfasoni bategerezwa gukora muri reta.

Yarangirije urwo rugendo yagize mu bihugu bitatu, muri Sierra Leone, aho yashimagije president Ernest Bai Koroma, kubera ukuntu yitanga mu gushigikira uburenganzira bw’abapfasoni.

Igihe yari mur’urwo rugendo ku musi wa mungu, umupfasoni Jill Biden yaratangaje ko yashimishijwe cane n’ukuntu reta ya Sierra Leone ihimiriza abana b’abakobwa kurangiza amashule yisumbuye mu gushira imbere utwigoro dutuma badatwara inda kandi batarongorwa hakiri kare.

Umupfasonio Biden yari yaherekejwe mur’urwo rugendo n’umukuru w’ibiro vya reta zunze ubumwe za amerika bijejwe iterambere mu makungu, Rajiv Shah, hamwe na ambassaderi aserukira reta zunze ubumwe mu makungu mu vyerekeye ibibazo vy’abapfasoni, Catherine Russel, mu twigoro twose bakoze two kwumvisha kw’uruhara rw’abapfasoni mu kazi, hamwe no mu nzego zifata ingingo, bifise akamaro gahambaye cane mu gihugu.

XS
SM
MD
LG