Yarangirije urwo rugendo yagize mu bihugu bitatu, muri Sierra Leone, aho yashimagije president Ernest Bai Koroma, kubera ukuntu yitanga mu gushigikira uburenganzira bw’abapfasoni.
Igihe yari mur’urwo rugendo ku musi wa mungu, umupfasoni Jill Biden yaratangaje ko yashimishijwe cane n’ukuntu reta ya Sierra Leone ihimiriza abana b’abakobwa kurangiza amashule yisumbuye mu gushira imbere utwigoro dutuma badatwara inda kandi batarongorwa hakiri kare.
Umupfasonio Biden yari yaherekejwe mur’urwo rugendo n’umukuru w’ibiro vya reta zunze ubumwe za amerika bijejwe iterambere mu makungu, Rajiv Shah, hamwe na ambassaderi aserukira reta zunze ubumwe mu makungu mu vyerekeye ibibazo vy’abapfasoni, Catherine Russel, mu twigoro twose bakoze two kwumvisha kw’uruhara rw’abapfasoni mu kazi, hamwe no mu nzego zifata ingingo, bifise akamaro gahambaye cane mu gihugu.