Uko wahagera

Amerika Iriyamiriza ipfungwa n'Izimangana ry'Abantu Batari Bake, mu Rwanda


Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwarasohoye itangazo ridashigikiye na gato ipfungwa, n’ukuzimangana kw’abantu batari bake, mu Rwanda.

Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Marie Harf, amenyesha ko batewe impungenge bikomeye, n’abantu batari bake bahagaritswe, hamwe n’abazimanganye, mu Rwanda, mu ndwi zirangiye, harimwo abamenyeshamakuru, abaserukira amashirahamwe atarondera ivyicaro vya politike, n'abategetsis batari bake b'inzego za Reta zo hasi,bagirizwa ivyaha bifatiye ku mutekano n’iterabwoba.

Umupfasoni Marie Harf, avuga ko benshi muribo bapfunzwe, ku buryo badashobora kuvugana n’abandi, ata mategeko akwirikijwe. Amenyesha kandi ko batewe impungene n’amakuru avuga ko abajejwe igikorwa c’ugutangaza amakuru bagerawe, kandi baziririzwa kuvuga ibiriko biba, mu Rwanda.

Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Marie Harf, avuga kw’ivyo babiganiye n’abategetsi bakomeye b’Urwanda, abategetsi bakomeye ba Reta, baravuga ku kamaro gakomeye cane k’ukwubahiriza agateka ka muntu, uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro, n’ukwubahiriza amategeko.

Avuga ko babandanya gukwirikiranira hafi ivyerekeye abantu irengero ryabo ritazwi, n’abahagatitswe, kandi ko bazobandanya kuvuga kuri ico kibazo n’abategetsi b’Urwanda.
XS
SM
MD
LG