Uko wahagera

Abagwanya Ubutegetsi Muri Ukraine, Barakoroye Indege Ya Reta


Abantu bariko bararaba imodoka yarashwe n'indege z'igisiriikare c'igihugu ca Ukraine mu gisagara ca Slovyansk, muri Ukraine, kw'igenekerezo rya 28 ry'ukwezi kwa gatanu, umwka w' 2014.
Abantu bariko bararaba imodoka yarashwe n'indege z'igisiriikare c'igihugu ca Ukraine mu gisagara ca Slovyansk, muri Ukraine, kw'igenekerezo rya 28 ry'ukwezi kwa gatanu, umwka w' 2014.

Presidence ya amerika ejo ku musi wa kane, yavuze kw’indege ya reta ya Ukraine yakorowe n’abanyagihugu bashigikiye igihugu c’Uburusiya bashaka kwiyonkera, yemeje amakuru avuga kw’abarwanya ubutegetsi baronka ibigwanisho bikomeye kandi baronka imfashanyo ivuye hanze.

Umuvugizi wa presidence, Jay Carney, yatangaje ayo majambo, amasaha makeyi inyuma y’aho president w’imfatakibanza w’igihugu ca Ukraine atangarije kw’abarwanya ubutegetsi bakoroye indege ya reta, bakoresheje misile ihekwa ku rutugu. Yavuze kw’abasirikare 14 barimwo umugeneral, basize ubuzima mur’ico gitero, yongera avuga ko hari amakuru avuga ko hari abagwanyi binjiye mu gihugu ca Ukraine bavuye mu gihugu c’Uburusiya.

Ku bwiwe nawe, secreteri wa department ya reta ya amerika, John Kerry ejo ku musi wa kane, yabwiye mugenzi we w’igihugu c’Uburusiya kw’atewe amakenga n’ubwicanyi bubandanya hamwe n’amakuru avuga ko hari abagwanyi
b’abanyamahanga binjira mu gihugu ca Ukraine, bavuye mu gihugu c’Uburusiya.

Naho reta y’Uburusiya imaze imisi ibihakana, ibiro vy’igihugu c’Uburusiya bijejwe gutangaza amakuru, vyaratangaje inkuru ivuga kw’abantu 33 mu bantu 50 bagwanya ubutegetsi bishwe ku musi wa mbere mu gisagara ca Donetsk igihe bariko baratana mu mitwe n’abasirikare ba reta ya Ukraine, bari bavuye ku butaka bw’igihugu c’Uburusiya.
XS
SM
MD
LG