Uko wahagera

Sissi Yaraye Yaratsinze Amatora Mu Misiri


Umunyamisiri yariko aratora kw'igenekerezo rya 28, ukwezi kwa gatanu, 2014.
Umunyamisiri yariko aratora kw'igenekerezo rya 28, ukwezi kwa gatanu, 2014.

Umutegetsi yahoze arongoye igisirikare mu gihugu ca Misiri, Abdel –Fatah el-Sissi yaraye atsinze amatora y’umukuru w’igihugu n’amajwi menshi cane yarushije umunyapolitike bariko barahiganwa Hamdeen Sabahi.

Ibiharuro vya mbere vy’ayo matora yabaye mu kiringo c’imisi itatu yarangiye ku musi wa gatatu, vyerekana ko Sissi yaronse amajwi arenga 93%. Sabahi yaronse amajwi 3%, yamaze kwemera ko yarushijwe, kandi yavuze ko yemeye aho abanyagigugu bashize.

Sissi yar’azi kuva mu ntango kw’azotahukana intsinzi, yamara yari yateye akamo gasaba abanyagihugu kuja gutora ari benshi, kugira ngo aronke akizero k’abanyagihugu ko gushobora kuzamura ubutunzi no guhagarika intureka ya politike.

Abategetsi bavuga kw’abanyagihugu bangana na 46%, ku banyagihugu imiliyoni 54 z’abanyamisiri bafise uburenganzira bwo gutora, aribo bitavye ayo matora.
Abanyagihugu bari bitavye amatora mu mwaka w’2012 yari yatsinzwe na Mohamed Morsi, bari 52%.

Intumwa z’ishirahamwe ry’ibulaya, zivuga kw’ayo matora yatunganijwe mu mutekano, kandi ko yabayemwo utunenge dukeyi gusa, turimwo kwiyamamariza hafi y’ibibanza vyo gutoreramwo.
XS
SM
MD
LG