Uko wahagera

Misiri Congereje Umusi Wo Gutora Umukuru W’Igihugu


Abanyagihugu batonze ku murongo kugira batore umukuru w'igihugu ku murwa mukuru Cairo,kw'igenekerezo rya 26 ry'ukwezi kwa gatanu, umwaka w' 2014.
Abanyagihugu batonze ku murongo kugira batore umukuru w'igihugu ku murwa mukuru Cairo,kw'igenekerezo rya 26 ry'ukwezi kwa gatanu, umwaka w' 2014.

Umurwi ujejwe amatora mu gihugu ca Misiri, wongereje umusi wo gutora mu matora y’umukuru w’igihugu kugira ngo abantu batashoboye gutora bashobore kwitaba ayo matora yitezwe kw’azoshikana ku butegetsi, uwahoze ar’ukumuru w’igisirikare, Abdel-Fatah el–Sissi.

Imisi ibiri y’amatora yari yarategekanijwe, yari kurangira ejo ku musi wa kabiri, yamara ku musi wa mbere, ayo matora ntiyitabwe n’abantu benshi mur’ico gihugu gifise abanyagihugu imiliyoni 54.

Mu mugambi wo kwongereza igitigiri c’abanyagihugu batora, umushikiranganji wa mbere Ibrahim Mahlab, ejo ku musi wa kabiri, yaratangaje ko war’umusi w’akaruhuko, mu gihe umushikiranganji ajejwe ubutungane yagabishije abatazokwitaba ayo matora, ko bazocibwa ihadabu.

Abantu bavuga kw’igitigiri kinini c’abanyagihugu bazokwitaba ayo matora, arico cotuma, itorwa rya Sissi, ryemerwa.

Sissi niwe yar’umukuru w’abasirikare bakuye president Mohamed Morsi ku butegetsi mu kwezi kw’indwi, arinavyo vyatumye haba imyiyerekano y’abahurikiye mu murwi Muslim Brotherhood, hamwe n’ingingo yafashwe n’igisirikare yo gukoresha inguvu mu gutuza abahurikiye mur’uyo murwi, arinavyo vyavuyemwo ubwicanyi bwahitanye ubuzima bw’abantu barenga 1000, mu gihe abategetsi bo mur’uyo muhari batari bake, batawe mu mvuto.

Umuhari Muslim Brotherhood warateye akamo abanyaMisiri, kabasaba kutitaba ayo matora.
XS
SM
MD
LG