Uko wahagera

Abategetsi Bakomeye b'Igihugu ca Laos Barapfuye, mu Mpanuka y'Indege


Ikibanza indege y'igisirikare y'igihugu ca Laos yagiriyemwo isanganya
Ikibanza indege y'igisirikare y'igihugu ca Laos yagiriyemwo isanganya
Abategetsi b’igihugu ca Laos batangaje kw’indege y’igisirikare y’ico gihugu, yari itwaye abantu bagera kuri mirongo ibiri, harimwo abategetsi bakomeye, yagize isanganya mu masaha ya kare, yo ku musi wa gatandatu, mu gice co mu buraruko bw’igihugu ca Laos.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere, Ganeral Major, Douangchay Phichit, yari asanzwe kandi ari umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, vyaremejwe ko yapfuye, muri iyo sanganya.

Amakuru atangwa avuga kandi kw’umukuru w’umurwa mukuru wa Laos, Soukanh Maharath, ari mu bapfuye . Amwe mu makuru amenyesha kw'abantu batatu barokotse, yamara nta birenga aho vyashikirijwe.

Icatumye iyo mpanuka iba ntikizwi. Abategetsi b’igihugu ca Laos bavuga kw’iyo ndege y’igisirikare, Antonov, yari imaze imyaka mikeyi.
XS
SM
MD
LG