Uko wahagera

Amerika Iriko Igerageza Gutuma Haba Ibiganiro Bishasha, kuri Sudani yo mu Bumanuko.


Prezida wa Sudani, Salva Kiir, ariko arumviriza umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, mu biro vyiwe, mu gisagara ca Juba, kw'italiki zibiri z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'2014
Prezida wa Sudani, Salva Kiir, ariko arumviriza umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, mu biro vyiwe, mu gisagara ca Juba, kw'italiki zibiri z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'2014
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, ariko agerageza gutegekanya ibiganiro, amaso mu yandi, hagati ya prezida w’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, Slva Kiir, n’umuyobozi w’abarwanya ubutegetsi, Riek Machar, mu mwizero w’uguhagarika ubwicanyi butera bwiyongera, muri Sudani yo mu bumanuko.

John Kerry, yahaye ikiganiro abamenyeshamkuru, ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba, ku musi wa gatanu, inyuma yuko abonanye, mu kiringo kirenga isaha, na prezida, Slva Kiir

Mu nyuma yaho, John Kerry, yaravuganye kw’itelefone n’umukuru w’abarwanya ubutegetsi, Riek Machar.

John Kerry, yatangaje kw’ibiganiro bitegekanijwe hagati ya prezida Kiir na Machar, bishobora kuba mu ndwi iza, ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba, aho ibiganiro vy’amahoro hagati y’izo mpande zibiri, ata ntambwe nini vyagize.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, yagarutse i Addis Abeba, aho bitegekanijwe kw’abonana, ku wa gatandatu, na prezida wa Somalia, Hassan Sheikh Mohamud. Bitegekanijwe ko John Kerry, na Sheikh Mohamud, baganira utwigoro twa Somalia tw’ukurwanya umurwi al-Shabab, ukorana n’umurwi al-Qaida.
XS
SM
MD
LG